Umurwi Flambeau du Centre wanganije na Aigle Noir (0-0) mu rukino rw’umusi ugira 3 w’ihiganwa ry’icicaro ca mbere rya 2020-2021 rwabereye ku kibuga Ingoma,i Gitega.Naho habonetse uburyo butari buke bwo gushobora kuronka ibitsindo,nta murwi numwe washoboye kugira ico ukoze kw’izamu ry’uwundi.Ufatiye k’ukugene nk’umurwi Flambeau du Centre wahinduye vyinshi muriwo na cane cane ukuzana abakinyi batari bake bashasha ndetse n’abamenyereza 2,benshi bari bawuhaye amahirwe yo gutsinda,ariko na Aigle Noir ukaba warahinduye ibitari bike.Intsinzi ya Flambeau du Centre iyo iza kuboneka,cari kuba ari ikintu gikomeye kuko kuva iyo mirwi uko ari 2 ihuriye mu cicaro ca mbere,ata na rimwe Flambeau du Centre irigera itsinda Aigle Noir.
Uku niko inkino zimaze kugenda :
2020-2021
-Flambeau du Centre 0-0 Aigle Noir
2019-2020
-Flambeau du Centre 0-0 Aigle Noir
-Aigle Noir 5-2 Flambeau du Centre
2018-2019
-Flambeau du Centre 1-1 Aigle Noir
-Aigle Noir 5-2 Flambeau du Centre
2017-2018
-Flambeau du Centre 4-4 Aigle Noir
-Aigle Noir 3-2 Flambeau du Centre
Intsinzi : Aigle Noir 3, Flambeau du Centre : 0
Kunganya : 4
Ibitsindo : Aigle Noir : 18, Flambeau du Centre : 11
Flambeau du Centre biyisaba kurindira urukino rwo gusubiriza.
Elysé Niyubahwe
Académie Le Messager
www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)
www.lemessagerfc.org (Français)