Umukinyi w’inyuma mu murwi Flambeau du Centre Enock Tumebarikiwa batazira « Kiwara » ntiyari bwakine urukino na rumwe kuva ihiganwa rishasha ritanguye,naho yari ku rutonde rw’abakinyi uwo murwi watanze mw’ishirahamwe ry’umupira w ‘amaguru mu Burundi,FFB.Kuva mu mpera z’indwi iheze uwo mukinyi akaba yarabonetse mu myimenyerezo ari kumwe n’abandi bakinyi b’uwo murwi,ivyatangaje abatari bake kuko bataheruka kumubona.Amakuru duhabwa n’igisata c’ubuhinga muri Flambeau du Centre avugako uwo mukinyi yari yagiye mu gihugu ca Zambia ku mvo ziwe,ubu rero akaba ashobora gukina kuko yari yagiye ikarata (licence) yiwe yaramaze gutangwa n’ishirahamwe FFB.Muri Flambeau du Centre bamenyesha kandi ko umukinyi Al Hamdu wewe bamaze kumukura ku rutonde rw’abakinyi bawo,nawene akaba yaragiye mu gihugu ca Zambia,ariko we akaba yagiye bataramuronderera vya ngombwa bisabwa kugirango aronke ikarata (licence) yo gukina mw’ihiganwa ry’icicaro ca mbere hano mu Burundi.

Umukinyi Enock Tumebarikiwa « Kiwara » akaba yashitse muri Flambeau du Centre avuye mu murwi Les Crocos FC wo mu kigo c’Ishure Le Messager co mu Rumonge.

Umurwi Flambeau du Centre uri mu kibanza ca 2 ku rutonde rw’ihiganwa ry’uno mwaka n’amanota 22 inyuma y’inkino 10 umaze gukina.

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire