Ku musi w’Imana uheze,umurwi Flambeau du Centre waratsinze Messager Ngozi (2-1) mu rukino rw’ubugenzi rwabereye ku kibuga Ingoma,mu gisagara ca Gitega.Ni intsinzi itahuritse hihwejwe ukuntu Flambeau du Centre yasumbije bigaragara benewabo b’i Ngozi.Aganira n’abamenyeshamakuru inyuma y’urwo rukino,Feruzi Haruna umumenyereza mukuru wa Flambeau du Centre yagize ati : « Runo rukino ruradufashije cane kuko hari vyinshi tumaze imisi turiko turiga,nabonyeko abakinyi banje batahuye kandi kari n’akaryo ko kuraba urugero rw’inguvu abakinyi bafise inyuma y’imisi itari mike badakina ».Feruzi Haruna avuga kandiko bipfuza gutsinda inkino zitatu zose zisigaye,ivyotuma umurwi wiwe utahukana ikibanza ca 3 ; « Inkino zitatu zose zisigaye muri rino higanwa tuzozikinira ku kibuga cacu,aho hero dutegura kuzitsinda zose kuko dukeneye gufata ikibanza ca gatatu,ico naco kikaba ari ikibanza ciza ».

Inyuma y’inkino 27, Flambeau du Centre uri mu kibanza ca 6 n’amanota 41, ukaba unganya amanota n’imirwi Aigle Noir na Vital’o iri mu bibanza vya 4 na 5 mugihe Burundi Sport Dynamique ya 3 ifise amanota 42.

Izi nizo nkino umurwi Flambeau du Centre usigaranye mw’ihiganwa ry’uno mwaka :

-Kuwa 6 igenekerezo rya 30-05-2020 : Flambeau du Centre-Aigle Noir,ikibuga Ingoma

-Kuwa 6 igenekerezo rya 20-06-2020 : Flambeau du Centre-Bumamuru,ikibuga Ingoma

-Kuw’Imana igenekerezo rya 28-06-2020 : Flambeau du Centre-Ngozi City,ikibuga Ingoma

 

Mu gice co gusubiriza (phase retour),uwo murwi umaze gutsinda urukino rumwe rwonyene.

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire