Mu kwitegurira ihiganwa ry’icicaro ca mbere rya 2020-2021,umurwi Flambeau du Centre wamaze kuzana abakinyi bashasha bagera kuri 6,uwundi nawe arongereza amasezerano.

Amakuru atangwa na Eric Ahishakiye,umuyobozi w’Ubuhinga muri Flambeau du Centre,mubakinyi baheruka gutera igikumu ku masezerano yo gukinira uwo murwi,harimwo amazina asanzwe amenyerewe cane,aha twovuga umukinyi w’inyuma muri Musongati Issa Hakizimana na Cedric Titi Mavugo,umusatirizi yahoze muri Aigle Noir.

Uru nirwo rutonde rw’abakinyi bashasha bamaze kwinjira  muri Flambeau du Centre  n’imirwi baje bavamwo

  1. Samir Hassan: Garage Express (icicaro ca 2 Gitega)
  2. Asmani Amisi: Yongereje amasezerano ikiringo c’imyaka 2
  3. Jean Paul Kiza:Bumamuru
  4. Titi Mavugo:Aigle Noir
  5. Roger Bigirimana :Musongati
  6. Issa Hakizimana :Musongati
  7. Evrard Ragiryimana: Aigle Noir

 

Eric Ahishakiye,umuyobozi w’ubuhinga muri Flambeau du Centre akaba atashoboye kutubwira ibiri mu masezerano buri mukinyi yateyeko igikumu.

Umurwi Flambeau du Centre wabaye uwa 5 mw’ihiganwa ry’icicaro ca mbere riheruka kurangira,hagati mw’ihiganwa ukaba warigeze kuza urafata ikibanza ce mbere.

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire