Ku musi w’Imana igenekerezo rya 03 Munyonyo 2019,umurwi Flambeau du Centre waranganije na Musongati FC (1-1) ku rukino rukomeye cane rwahuje iyo mirwi mw’ihiganwa ry’icicaro ca mbere ryo mu Burundi.Ni urukino rwitabiriwe n’abarorerezi isinzi,baba abari bashigikiye iyo mirwi uko ari ibiri babonekera ku myambaro bari bamabaye tutibagiye n’abakunzi b’umupira w’amaguru bari bavuye mu ntara zitandukanye z’igihugu.Kunganya kw’iyo mirwi kuri urwo rukino, abenshi bikaba bitabatangaje cane cane ko  ku mirwi isangiye igisagara ata n’umwe uba wipfuza gutsindwa.Abamenyeshamakuru babajije umumenyereza mukuru wa Flambeau du Centre Nzeyimana Mailo igituma umurwi wiwe utatsinze,akaba yabishuye ati : « …sinovugako ari jewe jenyene ntegerezwa gutsinda,twese turategura.Musongati itegerezwa gutegura natwe tugategura,uwuronse amahirwe akaba ariwe atsinda ».

Ku kibazo cuko abastirizi biwe boba batigenjeje neza kuri urwo rukino ,umumenyereza Mailo yishuyeko buri rukino batokwama bari mu bihe vyiza, « Imisi ntingana,ntitwovugako imisi yose bokina neza hariho imisi vyanka kandi tuvyemere,tugiye gukosora ».

Inyuma yo kuronka iryo nota rimwe,umurwi Flambeau du Centre ukaba waciye usubira mu kibanza ca 2 n’amanota 26,inyuma ya Messager Ngozi ifise amanota 27 n’urukino rw’ikirarane ;mu kibanza ca 3 hari Bumamuru ifise amanota 23 na Musongati mu kibanza ca 4 n’amanota 22.

Ku mus iwa 6 igenekerezo rya 09 Munyonyo 2019, Flambeau du Centre ukazoba uramutse ugendera Vital ‘ô ku kibuga Intwari, ihiganwa rikazoba rigeze ku musi waryo wa 13.

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire