Ihiganwa rya CECAFA rihuza imirwi nserukiragihugu mu karere ka Africa y’Ubuseruko bwa Africa no hagati ryaratanguye ku musi wa gatandatu uheze igenekerezo ry’7 Kigarama 2019, mu gihugu ca Ouganda.Ku nkino 2 umurwi waserukiye Uburundi umaze gukina,umukinyi Iddy Museremu asanzwe akinira Messager Ngozi akaba ataraboneka ku rukino na rumwe.Benshi mu bakunzi b’umupira w’amaguru mu Burundi baribaza igituma uwo mukinyi atariko arakina,benshi na cane cane abandika ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye,bakamera nk’abashavurira abamenyereza kubona batariko baramukinisha mugihe ari mu bakinyi bari bitezweko vyinshi.Ariko rero,amakuru ava mu gihugu ca Ouganda avugako uwo mukinyi atariko arakina kubera imvo z’uko arwaye.Jimmy Ndayizeye,umumenyereza mukuru muri Messager Ngozi,akongera akaba ari n’icegera c’umumenyereza w’Intamba mu Rugamba ,aremeza ayo makuru, “Umukinyi Iddy Museremu yarasubiriye gutonekara aho yigeze kuvunika,twari mu myimenyerezo,nico gituma atariko arakina.Ibindi bivugwa kuri we ni ububeshi ataho bufatiye”.Bamwe mu bakunzi b’umupira w’amaguru bakaba bari bavuzeko uwo mukinyi atariko arakina kubera ukutumvikana n’umumenyereza mukuru w’Intamba Alain Olivier Niyungeko.

Jimmy Ndayizeye akaba kandi yamirira kure amakuru avugako yoba adakorana neza n’umumenyereza mukuru w’Intamba,abavuga ayo makuru bakaba bavugako mugihe inkino ziba ziriko ziraba batigera bamubona ahaguruka gufashanyanya n’umumenyereza mukuru.Yavuze ati: “Ko abantu bakunze kurorera inkino,ni kangahe babona icegera c’umumenyereza ahaguruka? Jewe nibazako ari ukudatahura ibintu »

Uburundi ntiburatsinda urukino na rumwe muri zibiri bumaze gukina,ahubwo zose bukaba bwarazitsinzwe (Ouganda 2-1 na Erythrée 1-0).Kugirango Intamba mu Rugamba zizere kuzokina igice ca 2 gishira ica nyuma,zikazotegerzwa gutsinda inkino zibiri zisigaje,urwa Djibouti (kuri uno wa 3 igenekerezo rya 11 Kigarama) na Somalia (kuwa 5 igenekerezo rya 13 Kigarama).

Igitsindo kimwe Uburundi bumaze kuronka kikaba cinjijwe na kizigenza wa Messager Ngozi Urasenga Cedric Danny “Kagabo” .

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire