Mu gihe ata higanwa ry’umupira w’amaboko basketball ku bigeme rigihari mu ntara ya Ngozi, ibi ntibibujije abigeme ba Messager BBC Ngozi gutwara igikombe cabo ca mbere mw’ihiganwa iryari ryo ryose kuva uno mugwi ushizweho. N’inyuma y’inguvu n’urugendo rutari ruto uno mugwi wakoze kuva ushinzwe. Batwaye kino gikombe inyuma yo gutsinda inkino zibiri z’ihiganwa ry’igihugu ku migwi yo hagati mu gihugu.

Mu rukino rwa mbere rwakinywe ku munsi w’ejo wa gatandatu igenekerezo rya 10 Myandagaro 2019, abigeme ba Messager BBC Ngozi batsinze batiziganya bongera banyagira Agakura wo mu ntara ya Mwaro ku manota 108 ku 8 y’Agakura. Kuri uno w’Imana igenekerezo rya 11 Myandangaro 2019, niho hakinwa urukino rwa kabiri ari narwo rutumye batwara kino gikombe, abigeme ba Messager BBC Ngozi birahiye Christ Roi y’I Gitega mu kuyitsinda amanota 81 kuri 29. Messager BBC Ngozi, iciye ironka amahirwe yo gukina igice ca nyuma gishira icanyuma c’ihiganwa ku rwego rw’igihugu.

Mu nkuru zikurikira, tuzobayagira vyinshi kuri uno mugwi w’abigeme eka mbere tubayigire nuko uzoba uriko uritegurira inkino zigiye gukurikira.

Divin Dushime

Academie Le Messager

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire