Haciye igihe ihiganwa ry’umupira w’amaboko basket-ball mu ntara ya Ngozi ritanguye. Riri mu mahiganwa aba aryoheye ijisho eka mbere n’imigwi usanga ikomeye kuko ikunda gushika kure ku rwego rw’igihugu mururwo rukino.

Academie le Messager isanzwe ifise imigwi ibiri muriryo higanwa. Umwe ku ruhande rw’abahungu, uriko urakwiza imyaka ibiri muriryo higanwa, n’uwundi w’abigeme ariho warugitangura gukina mw’iryo higanwa.

Ku ruhande rw’abigeme, Messager BBC Ngozi waramaze kurangiza ihiganwa. Ukaba wakinye inkino zitandatu utsinda zibiri. Uyu mugwi ugizwe n’abakinyi bakiri bato cane tugereranije n’iyindi migwi ariko ukaba watangaje abatari bake kandi bikaboneka ko vuba uzoba ukomeye cane.

Ku ruhande rw’abahungu, inkino ntizirarangira kuko bageze k’urukino rwa gatanu ku nkino umunani zitegekanijwe. Bakaba bamaze gutsinda incuro zitatu. Cokimwe n’umugwi w’abigeme, Messager BBC Ngozi ku ruhande rw’abahungu niwo mugwi ufise abakinyi bakiri bato bitandukanye nuko kuyindi migwi ariko aba bakinyi bakerebutse cane.

Nkuko tubiyagirwa n’umumenyereza mukuru w’abahungu Bonis Nkunzimana, umugwi ni mwiza ariko ngo ukaba urushwa ukumenyera amahiganwa ariko akaba afise icizere ko mu minsi iza uzoba ari umugwi mwiza cane.

Divin Dushime,
Academie le Messager.

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire