Imvura nyinshi yazindutse iragwa henshi mu gihugu no mu ntara ya Ngozi kuri uno w’Imana igenekerezo rya 22 Kigarama 2019,yatumye bamwe mu bakunzi b’inkino bo mu ntara ya Ngozi bibazako ariyo yasibije ihiganwa ryo gusiganwa ryari ritegekanijwe kubera ku kibuga Muremera mu gisagara ca Ngozi.Habe namba.Amakuru ava mu bushikiranganji bw’inkino avugako vyose vyari vyateguwe ariko ko habuze uburyo busanzwe bwari bwagenewe ico gikorwa.Ayo makuru nyene akavugako n’ayo mafaranga yari ahari ahubwo ko abajejwe gutanga uruhusha kugirango asohorwe ko aribo bafatiriwe n’iyindi mirimo,ntibaba hafi kugirango batange icemezo co kuyasohora.

Ico bikoze, ugusiba kw’iryo higanwa nta ngaruka nyishi kwateye bivanye nuko benshi mubari kuryitaba n’ubundi batari bwiyunguruze bava mu ntara zitandukanye bivuye kuri iyo mvura.

Mw’ishure Le Messager nabo bavugako ata ngorane vyabateye naho iryo higanwa bari baryiteguriye cane.Munyakazi Prosper umumenyereza wa Messager yavuzeko ataco bitwaye na cane cane ko baciye banaronka ubutumire bwo kuzoja mw’ihiganwa ryateguwe na wa munonotsi w’Umurundikazi Francine Niyonsaba,iryo naryo rikazobera ku murwa mukuru w’intara ya Ruyigi ku musi w’Imana igenekerezo rya 29 Kigarama 2019.

Iryo higanwa ryo mu ntara ya Ngozi rikaba ryari kwitabwa n’abanonotsi bo mu ntara 4 z’uburaruko bw’Uburundi arizo Kayanza, Ngozi, Kirundo na Muyinga.

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire