Umwimbu udashemeye umurwi Messager Ngozi waronse mu kwezi k’11 umwaka 2019 ushobora kuba ariwo utumye Iddy Museremu atikurikiranya mukuronswa agashimwe gahabwa umukinyi mwiza w’ukwezi mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru ry’icicaro ca mbere mu Burundi rya 2019-2020.

Ikinyamakuru burundisport.com gisanzwe gikorana n’ishirahamwe Brarudi mu gutora umukinyi mwiza aba yaranze ukwezi,carasohoye kuri uno w’Imana igenekerezo rya 15 Kigarama 2019,urutonde rw’uko abakinyi bari bashizwe imbere bagiye bararushanwa.Umukinyi Ndayishimiye Yussuf « Nyange » akina hagati muri Aigle Noir akaba ariwe yabaye uwa mbere,haba ku manota yatanzwe n’umurwi w’abamenyeshamakuru 10 b’inkino ndetse no ku bakunzi b’inkino.Mu manota yatanzwe n’abo bakunzi b’inkino, « Nyange » yaronse 1727, asumvya Iddy Museremu wa 2 amajwi 118 kuko yaronse 1609,ni mugihe mu kibanza ca 3 haje umukinyi w’inyuma muri Musongati FC yaronse amajwi 1545.

Icibonekeza ni uko twihweje amajwi yatanzwe n’abakunzi b’inkino, dusanga nabone batanze icizere nk’icari catanzwe n’umurwi w’abamenyeshamakuru.

Uku niko abamenyeshamakuru bari batoye :

  1. Ndayishimiye Yusuf (Aigle Noir): amanota 37
  2. Iddy Museremu (Messager Ngozi): amanota 18
  3. Issa Hakizimana (Musongati FC): amanota 9

 

  1. Elyphaz Ndayisenga (Kayanza United): 8
  2. Ndikumana Landry (Kayanza United):3

    Eric Kwizera (Olympic Star): 3

    Mvuyekure Radjabu “Temba” (Messager Ngozi):3

    Ndayishimiye Abdul (Athletico Olympic):3

  1. Rukundo Onésime (Messager Ngozi):1

    Gakiza Aimé (Flambeau du Centre):1

    Ndizeye Eric (Musongati FC):1

    Raoul Vyamungu (Bumamuru FC):1

    Massudi Narcisse (Aigle Noir):1

    Ndikumana Danny (Athletico Olympic):1

 

Iddy Museremu ananiwe gukora ivyakozwe na Kanakimana Bienvenu mw’ihiganwa riheze aho yatwaye ako gashimwe incuro 3 yikurikiranya, ico gihe yakina muri Aigle Noir, Ubu naho akaba ageze muri Atlanta United yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire