Ihiganwa Primus Ligue ryabandanije n’umusi wa mirongo ibiri na gatatu. Twabahitiyemwo urutonde rw’abatumye intsinzi ziboneka. Umusatirizi wa Messager FC Ngozi Iddy Museremu akaba yagarukanye ishaka ryinshi ryo gutsinda.

Inkino z’umusi wa mirongo ibiri na gatatu mw’ihiganwa Primus Ligue zatanguye ku musi wa kabiri igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2019. Imigwi ibiri ariyo Messager FC Bujumbura na Flambeau du Centre ikaba yari yakinye kuri uwo musi nyene kandi zikaba zarashoboye kuronka intsinzi. Messager FC Ngozi nayo ikaba iraye ironse ayandi manota atatu inyuma yo gutsinda abavukanyi bayo ba Messager Fc Bujumbura.  Tukaba twabateguriye urutonde rw’abakinyi bafashije biboneka mu bitsindo vyabonetse ku musi wa mirongo ibiri na gatatu.

Rukinzo FC vs Messager Bujumbura

Duhereye ku mugwi wa Messager FC Bujumbura wari wakiriwe na Rukinzo FC ku musi wa kabiri ku kibuga citiriwe umuganwa Ludoviko Rwagasore, Boris Irutingabo  niwe yatsinze igitsindo kimwe cabonetse muri urwo rukino, ku ruhande rwa Messager Bujumbura ku mupira yahawe na Aime Gakiza. Boris akaba akina hagati akongera agafasha cane uruhande rw’abasatirizi, numwe mu bakinyi Messager Bujumbura igenderako afise uburebure n’ubuhinga bwinshi. Mugenzi we Aime Gakiza, we akaba ari mu bakinyi bafise ibitsindo vyinshi aho amaze gukwiza ibitsindo cumi na bitatu (13) mu nkino 23 amaze gukina.

Flambeau du Centre vs Les Lierres

Ku ruhande rwa Flambeau du Centre, urukino rwayihuje na les lierres rwarangiye Flambeau du Centre itsinze ibitsindo bitatu ku busa bwa les Lierres (3-0). Urukino rwabareye ku kibuga Ingoma i Gitega. Abakinyi babiri akaba aribo batsinze ivyo bitsindo aribo Karim Niyonkuru, yatsinze ibitsindo bibiri ahawe imipira na Niyonkuru Theophile. Igitsindo ca mbere kikaba cinjiye mu gice ca mbere mu gihe ica kabiri cinjiye mu ntango y’igice ca kabiri aho mbere Nahimana Nassor yaheza akinjiza ikindi ca gatatu. Flambeau du Centre ikaba ikwije inkino zibiri idatsindwa.

Bumamuru FC vs Messager FC Ngozi

Messager Ngozi iri mu migwi ikunzwe cane n’abatari bake ariko ikaba itashoboye kwigenza neza mu nkino za mbere. Nubwo biruko, hari abakinyi nubu bakibandanya berekana ko gutwara igikombe  kwabo bari babikwiye. Muri abo, twovuga nka Iddy Museremu, uno musi akaba yashoboye gutsinda ibitsindo bibiri harimwo n’ica gatatu cinjiye kuri penalty yatewe ikongerea igatsindwa na kizigenza Urasenga Cedric Danny, inyuma y’ikosa yari ahejeje gukorerwa.  Olivier Bayizere nawe nyene akaba ari mubigenjeje neza kuko yatanze umupira kuri Iddy uheza uvamwo igitsindo. Urukino rwariko rubera kuri kibuga citiriwe umuganwa Ludoviko Rwagasore rukaba rwarangiye ku ntsinzi ya Messager FC Ngozi y’ibitsindo bitatu kuri kimwe ca Bumamuru FC (1-3).

Muri rusangi, biraboneka ko inyuma y’akaruhuko kari katumwe n’imyiteguro y’imigwi nserukiragihugu, imigwi ya Academie le Messager ikaba yaje yazikenyene. Mwomenya kandi ko ihiganwa rigiye kubandanya mu mpera z’ino ndwi.

 

Divin Dushime

Academie Le Messager.

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire